22 Maze umukobwa wa Herodiya araza aratamba, anezereza cane Herode n’abatumire biwe.
Umwami aca abwira uwo mukobwa ati: "Nsaba ico ushaka cose, ndakiguha." 23 Ivyo yabimwemereye ashizeko n’indahiro ati: "Ico unsaba cose ndakiguha, naho coba igice c’ubwami bwanje."
24 Wa mukobwa arasohoka abaza nyina ati: "Nsabe iki?"
Na we aramwishura ati: "Saba umutwe wa Yohana Umubatizi!"
25 Ubwo nyene wa mukobwa ariruka asubira aho umwami ari, aramubwira ati: "Nsavye ko umpa ubu nyene umutwe wa Yohana Umubatizi kw’isiniya!"
26 Maze umwami Herode arababara cane, ariko kubera indahiro yarahiye imbere y’abatumire, ntiyashobora kumwankira ico asavye. 27 Nuko aca arungika umusoda amutegeka kuzana umutwe wa Yohana. Wa musoda aja mw’ibohero, aca umutwe Yohana, 28 agaruka awuzanye kw’isiniya, awuha wa mukobwa na we awuha nyina.