11 Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu afise ico yari gufashisha se canke nyina, ariko akavuga ko ari Korobani; bisigura ko cagizwe inyegu y’Imana, 12 ko ivyo bituma mumwemerera kutagira ico afashisha se canke nyina. 13 Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa mwishimikije imigenzo mwishingiye kandi mugakora n’ibindi vyinshi bisa n’ivyo."
14 Hanyuma Yesu yongera guhamagara rya sinzi ry’abantu ngo begere aho ari, maze arababwira ati: "Nimuntege amatwi mwese, kandi mutahure: 15 Nta kintu na kimwe kija mu muntu kivuye hanze gishobora kumuhumanya; ahubwo igihumanya umuntu ni ikiva muri we. [