17 Umwe muri ba bantu arishura ati: "Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje, kuko aboshwe n’impwemu mbi ituma atavuga. 18 Ishobora kumufatira aho ari hose, ikamutura hasi, akabira ifuro mu kanwa, agahekenya amenyo, hanyuma umubiri wiwe ukadadarara."
19 Yesu arabishura ati: "Mwa bantu b’iki gihe, ata kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana."
20 Nuko bamuzanira uwo mwana. Ya mpwemu mbi ikibona Yesu, itangura kumujegeza cane, agwa hasi, arikumbagaza, abira ifuro mu kanwa.
21 Yesu abaza se w’uwo mwana ati: "Ibi vyatanguye kumushikira ryari?"
Na we arishura ati: "Kuva akiri umwana muto cane. 22 Kenshi iyo mpwemu imuta mu muriro canke mu mazi, ikagerageza kumwica. Nimba woshobora kugira ico ukoze, utugirire impuhwe udufashe."
23 Yesu aravuga ati: "Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze’? Vyose bishobokera uwizera."
24 Ubwo nyene se w’uwo mwana arasemerera ati: "Ndizera! Ariko mfasha neshe ukutizera kwanje!"
25 Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: "Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wongere kumugarukamwo."
26 Ya mpwemu ihumanye ivuza induru, ijegeza cane wa mwana, hanyuma imuvamwo. Uwo mwana aca amera nk’uwupfuye, kandi benshi bavuga bati: "Arapfuye." 27 Ariko Yesu amufata ukuboko aramuhagurutsa, maze wa mwana arahagarara.