Pular para o conteúdo
Publicidade

Matayo 18:1-5,10

Kuba mukuru mu Bwami bw’ijuru

1 Muri ico gihe, abigishwa begera Yesu baramubaza bati: "Mbega ni nde mukuru mu Bwami bw’ijuru?"

2 Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo. 3 Hanyuma ababwira ati: "Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. 4 Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru. 5 Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.

Umugani w’intama izimiye

10 Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.