Baja inama yo kwica Yesu
1 Yesu ahejeje kuvuga ivyo vyose, abwira abigishwa biwe ati: 2 "Nk’uko musanzwe mubizi, umusi mukuru wa Pasika ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe."
3 Muri ico gihe nyene, abaherezi bakurubakuru hamwe n’abakuru b’Abayuda, bari bakoraniye mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa, 4 kugira ngo barabe ingene bofata Yesu mu mpisho, hanyuma bamwice. 5 Barumvikana bati: "Ariko ntidukwiye kumufata mu misi mikuru kuko abantu bohava bagumuka."
Yesu asigirwa amavuta i Betaniya
6 Ico gihe, Yesu yari i Betaniya, mu nzu kwa Simoni yahoze ari umunyamibembe. 7 Ariko arafungura haza umugore aramwegera afise icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini, maze ayamusuka ku mutwe bicaye mu buriro.
8 Abigishwa babibonye ntibabishima baca bavuga bati: "Mbega ubu buhombe ni ubw’iki? 9 Aya mavuta yari kugurishwa amahera menshi agafasha aboro."
10 Yesu amenye ivyo bariko baravuga, aca ababwira ati: "Mbega uwu mugore mumugorera iki? Ankoreye ikintu ciza. 11 Aboro muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana. 12 Ansutseko aya mavuta kugira ngo umubiri wanje awutegurire guhambwa. 13 Ndababwire ukuri, kw’isi yose aho ubu Butumwa Bwiza buzovugwa, ibi akoze bizovugwa bitume yama yibukwa."
Yuda arondera kugurisha Yesu
14 Hanyuma Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, aragenda aja kurondera abaherezi bakurubakuru, 15 arababaza ati: "Hamwe nobaha Yesu mwompa iki?" Baca bamuha ibiceri vy’ifeza mirongo itatu. 16 Kuva uwo mwanya aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubashikiriza.
Yesu asangira n’abigishwa biwe ubwa nyuma
17 Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro, abigishwa baza aho Yesu ari baramubaza bati: "Ni hehe ugomba ko tugutegurira ivyokurya vya Pasika?"
18 Arabishura ati: "Nimugende mu gisagara, maze muraja kubona umuntu, mumubwire muti: Umwigisha avuze ko isaha yiwe yegereje, kandi ko agomba gusangirira n’abigishwa biwe ivya Pasika iwawe." 19 Ba bigishwa baragenda babikora nk’uko Yesu yabibabwiye, bategura ivyokurya vya Pasika.
20 Ku mugoroba, Yesu yicarana ku meza n’abigishwa biwe cumi na babiri. 21 Bariko barafungura, Yesu avuga ati: "Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe ahava angurisha."
22 Abigishwa biwe barababara cane, umwe wese atangura kuvuga ati: "Mwami, nibaza ko atari jewe!"
23 Yesu arabishura ati: "Uwo twahurije amaboko mw’isahani ni we ahava angurisha. 24 Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!"
25 Maze Yuda, uwari yateguye kumugurisha na we nyene avuga ati: "None yoba ari jewe ga Mwigisha?"
Yesu aramwishura ati: "Ubivuze nk’uwubizi."
26 Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: "Nimwakire murye; uwu ni umubiri wanje."
27 Yongera afata igikombe, agishimira Imana, arakibaha, ati: "Nimwakire munyweko mwese. 28 Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.