Yesu ahamagara Matayo
9 Yesu avuye aho, abona umutozakori yitwa Matayo yicaye aho atoreza ikori, amubwira ati: "Nkurikira." Matayo aca ava hasi, aramukurikira.
10 Maze Yesu acicaye mu nzu kwa Matayo ngo bamuzimane, haza abatozakori n’abanyavyaha benshi basangira na Yesu n’abigishwa biwe. 11 Ariko Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: "Ni kuki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?"
12 Yesu avyumvise aca avuga ati: "Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye. 13 Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’9:13 Hoseya 6:6 Kuko sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha."