Pular para o conteúdo
Publicidade

Neemias 5

14 Vyongeye, kuva ku mwaka wa mirongo ibiri umwami Ahasuwerusi ari ku ngoma, maze kugenwa ngo mbe umukuru w’intara y’i Buyuda, kugeza ku mwaka wa mirongo itatu n’ibiri, imyaka icumi n’ibiri, yaba jewe canke abo tuvukana ntitwigeze na rimwe turya ivyagerewe umukuru w’intara. 15 Ariko abakuru b’intara batwitangiye imbere, abatwaye imbere yanje, baremeka umutwaro uremereye abantu bakabasaba shekeli mirongo ine5:15 Ni nk’amagarama 460. z’ifeza ziyongera ku mfungurwa n’umuvinyu. Ivyegera vyabo na vyo nyene bari bafise ivyo baremereza abantu. Ariko ku bwo kwubaha Imana sinakora nk’uko. 16 Ahubwo, niyegurira igikorwa co ku ruzitiro. Abantu banje bose bari bakoraniye ngaho ku bwo kwubaka urwo ruzitiro; ntitwigeze tugura itongo na rimwe.

17 Vyongeye, Abayuda n’abakuru ijana na mirongo itanu bafungura ku meza yanje, hamwe n’abaza iwacu bavuye mu bihugu bidukikije. 18 Ku musi, bantegurira inka imwe, intama zitandatu z’indobanurwa n’inkoko, kandi uko imisi icumi iheze ni ko bantegurira imivinyu myinshi y’ubwoko bwose. Naho vyari uko, sinigeze nsaba imfungurwa zagerewe umukuru w’intara, kuko abantu bari baremerewe n’ibikorwa.

19 Unyibukane imbabazi zawe, yewe Mana yanje, kubera ivyo nakoreye ubu bwoko.

Veja também