Pawulo atora Timoteyo ngo bajane mu bikorwa
1 Nuko Pawulo ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira, aho hakaba ariho umwigishwa wa Yesu yitwa Timoteyo yaba. Nyina yari Umuyudakazi yizera, ariko se yari Umugiriki. 3 Maze Pawulo yipfuza kujana na we ku rugendo yarimwo, araheza abanza kumukeba ku gitsina kubera Abayuda bo muri ako karere bose bari bazi ko se ari Umugiriki.