10 Pawulo amaze kwerekwa ivyo, duca turitegura ubwo nyene tuja i Makedoniya, kuko twari dutahuye neza ko Imana iduhamagariye kuja kuvugayo Ubutumwa Bwiza.
Lidiya yizera, yongera aha indaro intumwa
11 Nuko tuva i Tirowa mu bwato turaramiriza gushika i Samotirake, ku musi ukurikira naho dushika i Neyapoli. 12 Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.
13 Ku musi w’Isabato, turasohoka tuja inyuma y’igisagara ku ruzi, twibaza ko dushobora kuronka ahantu ho gusengera. Nuko turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bahakoraniye. 14 Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga. 15 We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: "Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje." Nuko aratugobera gushika twemeye.
Pawulo na Silasi batabwa mw’ibohero
16 Umusi umwe, turiko turaja ahantu ho gusengera, duhura n’umuguranokazi yari afise impwemu yo kuragura, yatuma amenya ivya kazoza, agacira amahera menshi ba shebuja mu kuragura. 17 Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: "Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza."