Pular para o conteúdo
Publicidade

Atos 16

25 Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva. 26 Ubwo nyene haba nyamugigima ikomeye cane, inyiganyiza amatanguriro y’ibohero. Imiryango y’ibohero iriyugurura, iminyororo yari iboshe imbohe zose izivako. 27 Umurinzi w’ibohero yikanguye asanga imiryango yose iruguruye, maze asokorora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zatorotse. 28 Ariko Pawulo arasemerera ati: "Reka ntugire ico wigira, twese turi hano."

29 Wa murinzi w’ibohero aca atumako urumuri, yiruka mu cumba Pawulo na Silasi barimwo, yikubita imbere y’ibirenge vyabo. 30 Aca abasohokana hanze, ababaza ati: "Ba nyakwubahwa, nokora iki kugira ngo nkizwe?"

31 Baramwishura bati: "Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe." 32 Baca bamubwira Ijambo ry’Umwami Imana, we n’abo mu nzu yiwe bose. 33 Iyo saha, muri iryo joro nyene, aca abajana kuboza ibikomere vyabo, maze we n’abo mu nzu yiwe bose baca barabatizwa. 34 Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.

Veja também