Mpwemu Yera aza ku ntumwa
1 Ku musi wa Pentekote, abizera bose bari bakoraniye hamwe. 2 Ubwo nyene haza igihinda kivuye mw’ijuru kimeze nk’umuyaga mwinshi w’igihuhusi, cuzura mu nzu barimwo. 3 Baca babona ibimeze nk’imbeya z’umuriro zitandukanije, zigenda zija kuri umwumwe wese mu bari ngaho bose. 4 Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.
5 Kandi hariho Abayuda benshi bubaha Imana bari i Yerusalemu, bari ngaho bavuye mu mahanga atandukanye ari kw’isi.