6 Pawulo amenye ko mu bari ngaho harimwo Abasadukayo n’Abafarisayo, aca abwira abagize iyo Nama Nkuru y’Abayuda ati: "Bavukanyi, jewe ndi Umufarisayo, kandi na data ni Umufarisayo. Aha ndiko ncirwa urubanza kuko mfise ivyizigiro ko hariho ukuzuka kw’abapfuye."