Pular para o conteúdo
Publicidade

Ivyakozwe 3

Petero akiza ikimuga

1 Umusi umwe Petero na Yohana bari baduze mu rusengero gusenga, hari kw’isaha y’icenda. 2 Hariho umuntu yavutse amugaye, bakama imisi yose bamujana bakamushira kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero. 3 Abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega. 4 Maze Petero na Yohana barahindukira baramuraba, hanyuma Petero amubwira ati: "Nuturabe!" 5 Uwo muntu aca abahanga amaso cane yiteze ko hari ico bagira bamuhe.

6 Ariko Petero aca amubwira ati: "Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguhaye. Mw’izina rya Yesu Kristo w’i Nazareti, va hasi utambuke!" 7 Aca amufata ukuboko kw’i buryo, aramuhagurutsa, ubwo nyene ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera. 8 Nuko aca atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka neza, yiterera hejuru, ahimbaza Imana. 9 Abantu bose bamubonye agendagenda ashima Imana, 10 bamenya ko ari umwe yahora yama yicara kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza asegerereza. Barumirwa cane, batangajwe n’ibihejeje kumubako.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também