18 Simoni abonye ko abantu baronka Mpwemu Yera barambitsweko ibiganza n’intumwa, aca abazanira amahera, 19 ababwira ati: "Nimumpe nanje ubwo bubasha kugira ngo uwo nzorambikako ibiganza azoronke Mpwemu Yera."
20 Petero aramwishura ati: "Amahera yawe aragapfana na we, kuko wibaza ko woshobora kugura ingabire y’Imana amahera.