Pular para o conteúdo
Publicidade

Ivyakozwe 9

Petero azura Tabita

36 Kandi i Yopa hariho umwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki risobanurwa ngo Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, agafasha abakene. 37 Muri iyo misi aragwara, hanyuma arapfa. Ikiziga ciwe baracoza, bakibika mu cumba co hejuru. 38 Kubera i Luda n’i Yopa hari hegeranye, abigishwa b’i Yopa bumvise ko Petero ari i Luda, bamutumako abagabo babiri bati: "Turakwinginze ushike iwacu udatevye."

39 Nuko Petero arahaguruka ajana na bo. Bashitse baca bamutwara muri ico cumba co hejuru. Abapfakazi bose baraza bakikuza Petero bariko bararira, bamwereka amakanzu n’izindi mpuzu Dorukasi yari yarabakoreye akiri kumwe na bo.

Veja também