Pular para o conteúdo
Publicidade

Marcos 7

Yesu ashima ukwizera kw’umugore w’i Foyinike

24 Hanyuma y’ivyo Yesu ava i Galilaya aja mu karere kegereye igisagara ca Tiro. Nuko yinjira mu nzu kandi ntiyashaka ko hagira uwumenya ko ari ho ari; ariko ntivyakunda ko yihisha. 25 Ubwo nyene umugore yari afise umukobwa aboshwe n’impwemu mbi yumva ko Yesu ari ho ari. Aca araza yikubita imbere y’ibirenge vyiwe. 26 Uwo mugore yari Umugirikikazi yavukiye i Foyinike muri Siriya. Nuko yinginga Yesu ngo yirukane impwemu mbi yari mu mukobwa wiwe.

27 Yesu aramubwira ati: "Reka abana babanze barye bahage, kuko si vyiza gufata ivyokurya vy’abana ukabiterera utubwa."

28 Na we aramwishura ati: "Mwami, n’utubwa na two turarya utwo abana bakororeye musi y’imeza."

29 Yesu aramwishura ati: "Ko wishuye uko, niwitahire; ya mpwemu mbi yavuye mu mukobwa wawe."

30 Nuko arataha asanga umwana wiwe aryamye ku buriri, ya mpwemu mbi yamuvuyemwo.

Veja também