Pular para o conteúdo
Publicidade

Marcos 8

Yesu agaburira abantu ibihumbi bine

1 Muri iyo misi, abantu benshi bongera gukorana, kandi nta vyokurya bari bagisigaranye. Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: 2 "Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya bafise. 3 Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira, kuko bamwe muri bo bavuye kure."

4 Abigishwa baramwishura bati: "None twokura hehe ivyokurya vyokwira aba bantu muri ubu bugaragwa?"

5 Yesu arababaza ati: "Mufise imikate ingahe?"

Baramwishura bati: "Indwi."

6 Maze Yesu abwira ba bantu ngo bicare hasi. Afata ya mikate, ayishimira Imana, arayimanyagura, ayiha abigishwa ngo bayihe abantu, na bo babikora uko nyene. 7 Bari bafise kandi n’udufi duke. Na two adushimira Imana, abwira abigishwa ngo baduhe abantu. 8 Ba bantu bararya barahaga. Abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye. 9 Abari aho bashika ibihumbi bine. Bahejeje kurya, Yesu aca arabarungika barataha.

Veja também