3 Yesu arabishura ati: "None mwebwe ni kuki mutubahiriza ibwirizwa ry’Imana mwitwaje imigenzo yanyu? 4 Kuko Imana yavuze iti: ‘Wubahe so na nyoko,’15:4 Kuvayo 20:12; Gusubiramwo 5:16 yongerako iti: ‘Umuntu wese azovuma se canke nyina aze yicwe.’15:4 Kuvayo 21:17; Abalewi 20:9 5 Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu avuze kw’ivyo yari gufashisha se canke nyina ari inyegu y’Imana 6 ataba agikwiye kubibafashisha. Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa kubera imigenzo yanyu.