Publicidade

Mateus 18

Umugani w’umukozi adaharira

21 Hanyuma Petero araza abaza Yesu ati: "Mwami, mbega mugenzanje ancumuyeko, nzomuharira kangahe? Incuro indwi?"

22 Yesu aramwishura ati: "Sindababwiye incuro indwi, ariko incuro mirongo indwi kugwiza indwi.

23 Ni co gituma Ubwami bw’ijuru bumeze nk’umwami yagomvye kumenya ubutunzi yabikije abakozi biwe uko bwifashe. 24 Agitanguye, bamuzanira umuntu amuheraniye italanto ibihumbi cumi. 25 Kubera atari ashoboye kumwishura, shebuja ategeka ko umugore wiwe, n’abana bagurishwa hamwe n’ivyo bafise vyose kugira ngo umwenda wiwe wishurwe.

26 Uwo mukozi yikubita imbere ya shebuja aramupfukamira, amubwira ati: Mbabarira unyihanganire, nzokwishura umwenda ndagufitiye wose! 27 Shebuja amutera ikigongwe, amuhebera uwo mwenda wiwe, aramurekura aragenda.

28 Uwo mukozi agisohoka ahura na mugenziwe bakorana amuheraniye idenariyo ijana. ). Amufata mw’izosi atangura kumunigura ati: Ndiha umwenda umfitiye ningoga!

29 Mugenziwe apfukama imbere yiwe, aramwinginga ati: Mbabarira unyihanganire, nzokwishura umwenda ndagufitiye wose!

30 Ariko aranka. Ahubwo aramujana bamushira mw’ibohero kugira ngo azoveyo arishe umwenda wiwe wose. 31 Abakozi bagenziwe babonye ibibaye, barababara baca baja kubwira shebuja ivyabaye vyose.

32 Shebuja avyumvise ahamagara wa mukozi yahebera umwenda munini amubwira ati: Wa mukozi mubi we! Warantakambiye ndaguhebera umwenda wawe wose, 33 none ntiwari ukwiye kugirira imbabazi mugenzawe nk’uko nanje nazikugiriye? 34 Maze shebuja aca araraka cane, amuta mw’ibohero kugira ngo azoveyo arishe umwenda wiwe wose.

35 Uko ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira nimutaharira bene So bivuye ku mitima."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-