Pular para o conteúdo
Publicidade

Hoseya 3

Hoseya yiyuzuza n’umugore wiwe

1 Uhoraho arambwira ati: "Genda, usubire wereke urukundo umugore wawe, naho akundwa n’uwundi mugabo kandi akaba umusambanyikazi. Umukunde nk’uko Uhoraho akunda Abisirayeli, naho bahindukirira izindi mana bagakunda udutsima tubumbiwe izo mana mu nzabibu."

2 Nuko ndamugura shekeli cumi na zitanu3:2 Ni nk’amagarama 170. z’ifeza n’ingero homeru na leteki3:2 Ingero homeru na leteki ziri hamwe zapima nk’ibilo 195. vya sayiri. 3 Hanyuma nca ndamubwira nti: "Uzobana nanje imisi myinshi; ntuzosubire kuba maraya canke ngo wongere kuryamana n’uwundi mugabo n’umwe, nanje nzobana nawe gutyo nyene."

4 Ni ukuvuga ko Abisirayeli bazobaho imisi myinshi ata mwami canke umuganwa bafise, ata bimazi canke inkingi, ata efodi canke ibigirwamana. 5 Inyuma y’ivyo Abisirayeli bazogaruka biyegurire Uhoraho Imana yabo no kuri Dawidi umwami wabo. Kandi mu misi ya nyuma, bazoza kUhoraho no ku migisha yiwe bahindishwa agashitsi no kugira neza kwiwe.

Veja também