Publicidade

Apocalipse 13

Ibinyamaaswa Bibiri

1 Nuuko mbona ikinyamaaswa kizaamuuka mu nyanja. Caari gifite amahembe cumi n'imitwe irindwi. Buri hembe ryaco ryari rifite igitaako, kandi buri mutwe waaco wariho izina rituka Imaana. 2 Ico kinyamaaswa naboonye caari gisa n'ingwe, amajanja yaaco asa n'ay'idubu, naho urwasaya rwaco ari nk'urw'intare. Nuuko ca kiyoka giha ico kinyamaaswa ububaasha bwaco, intebe yaaco y'ubwami n'ubutegetsi bukomeye. 3 Umwe muri ya mitwe yaaco wareebekaga nk'uwakomeretse caane, ariko ico gisebe caari caarakize. Nuuko ab'isi boose baratangaara maze bayoboka ca kinyamaaswa. 4 Boose baramya ico kiyoka, kuko caahaaye ico kinyamaaswa ububaasha, nuuko baramya n'ico kinyamaaswa bavuga bati, "Ntaamuntu ufite imbaraga nk'iz'iki kinyamaaswa. Ntaan'uwakirwanya ngo agishobore."

5 Nuuko ico kinyamaaswa ceemererwa kwiraata no kuvuga amagambo yo gutuka Imaana, kandi gihaabwa ubwo bubaasha kumara ameezi mirongo ine n'abiri. 6 Gitangira gutuka Imaana, gituka izina ryayo n'aho ituuye, n'abo boose batuuye mu ijuru. 7 Ceemerewe kurwanya abantu b'Imaana no kubatsinda, gihaabwa n'ububaasha ku mooko yoose n'abantu boose n'indimi zoose n'amahanga yoose. 8 Abari mu isi boose bazaakiramya, keretse abo amazina yaabo yanditswe mu gitabo c'ubugingo isi itaraaremwa, anari co gitabo c'Umwana w'Intaama wiishwe. 9 "Nimwumve reero, niiba mufite amatwi! 10 Niiba Imaana yarageneye umuntu kujanwa mu bunyage, azaajanwa mu bunyage. Kandi uwagenewe kwiciishwa inkoota aziiciishwa inkoota. Abantu b'Imaana reero, barasabwa kwihangaana no kwizeera."

Ikinyamaaswa ca Kabiri

11 Nuuko mbona ikindi kinyamaaswa gituruka mu butaka. Caari gifite amahembe abiri ameze nk'ay'umwana w'intaama kandi kikavuga nk'ikiyoka. 12 Gikoreesha ububaasha bwose bw'ikinyamaaswa ca mbere na co kibireeba, maze gihata abantu bo mu isi boose kuramya ca kinyamaaswa ca mbere, caari caarakize igisebe. 13 Ikinyamaaswa ca kabiri gikora ibitangaaza, kugeza n'aho kimanura umuriro kuva mu ijuru ukagwa ku isi, abantu boose babireeba. 14 Bityo reero kiyobya abantu batuuye ku isi ku bwo kwemererwa gukora ibitangaaza ikinyamaaswa ca mbere kibireeba. Nuuko kibabwira gukora igishushaanyo c'ikinyamaaswa caari caarakomerekejwe n'inkoota, kikarenga kikabaho. 15 Nuuko ikinyamaaswa ca kabiri ceemererwa guhuumeekera muri ico gishushaanyo c'ikinyamaaswa, kugira ngo gishobore kuvuga kandi ciice abadashobora kukiramya. 16 Ico kinyamaaswa gihata abantu boose, abooroheje n'abakomeye, abakire n'abakene, abiigenga n'imbaata, gushirwaho ikimenyeetso ku kiganza c'iburyo cangwa ku ruhanga, 17 kugira ngo hatagira uweemererwa kugura cangwa kuguriisha adafite ico kimenyeetso, ari co zina ry'ico kinyamaaswa cangwa umubare uhagarariye iryo zina.

18 Aha hiifuuzwa ubwenge bwinshi. Umunyabwenge reero n'abare umubare w'ico kinyamaaswa kuko ari umubare uhagarariye izina ry'umuntu. Umubare waaco ni magana atandatu mirongo itandatu n'itandatu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-