2 Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: "Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye." 3 Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.
Sawuli avuga ubutumwa i Kupuro
4 Nuko baragenda batumwe na Mpwemu Yera, bamanuka i Seluwukiya, baca bafata ubwato buja mw’izinga ryitwa Kupuro.