Pular para o conteúdo
Publicidade

Atos 2

41 Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.

Uko abizera bari babayeho

42 Maze abizera bose bashishikara gushira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga. 43 Umuntu wese aterwa n’ubwoba ku bw’ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa. 44 Abizera bose baba hamwe kandi bagasangira ivyabo vyose. 45 Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bakurikije ubukene bw’umwumwe wese. 46 Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe. 47 Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bagashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.

Veja também