44 Ba sogokuruza bacu bari bafise ihema ry’isezerano bagendana mu bugaragwa. Ryari ryubatswe nk’uko Imana yari yategetse Mose, hakurikijwe ishusho yari yeretswe. 45 Bamaze guhabwa iryo hema, ba sogokuruza, barongowe na Yosuwa, baje barizanye igihe bafata iki gihugu, Imana imaze kucirukanamwo amahanga yakibamwo imbere yabo. Iryo hema ryagumye mu gihugu gushika mu gihe c’umwami Dawidi. 46 Dawidi na we agirirwa ubuntu bwinshi n’Imana, bituma asaba kwubakira ihema Imana ya Yakobo. 47 Ariko Salomo ni we yahavuye ayubakira inzu.
48 Yamara, Iyisumbavyose ntiba mu nzu zubatswe n’amaboko y’abantu, nk’uko uwavugishwa n’Imana yavuze ati:
49 ‘Ijuru ni intebe yanje y’ubwami,
isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje.
Canke mwonyubakira inzu nyabaki?
Ni ko Uhoraho abaza.
Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?
50 Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose?’