Pular para o conteúdo
Publicidade

Mateus 17

Ikori ry’urusengero

24 Yesu n’abigishwa biwe bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero rigizwe na darakuma zibiri baza aho Petero ari, baramubaza bati: "Mbega umwigisha wanyu ntatanga ikori ry’urusengero?"

25 Petero arabishura ati: "Egome araritanga."

Petero yinjiye mu nzu, Yesu aramwitanga, amubaza ati: "Wiyumvira iki ga Simoni? Ni ba nde baha abami bo muri iyi isi amakori n’amatagisi? Ni abana babo canke ni abandi bantu?"

26 Petero aramwishura ati: "Ni abandi bantu."

Yesu aramubwira ati: "Urumva rero ko abana batariha ikori. 27 Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange."

Veja também