Pular para o conteúdo
Publicidade

Mateus 21

Yesu avuma umusukoni

18 Kare mu gitondo, Yesu ariko arasubira i Yerusalemu, yumva arashonje. 19 Nuko abona umusukoni uri hafi y’inzira, arawegera ariko asanga ata kintu na kimwe wamye, kiretse amababi gusa. Hanyuma aca arawubwira ati: "Ntugasubire kwama na rimwe." Ubwo nyene uwo musukoni uca uruma.

20 Abigishwa biwe babibonye, baratangara cane. Baca babaza Yesu bati: "Ko uwo musukoni wumye ningoga?"

21 Yesu arabishura ati: "Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: Shinguka witerere mu kiyaga,kandi ni ko vyogenda. 22 Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa."

Veja também