Publicidade

Mateus 25

Umugani w’inkumi cumi

1 Yesu abandanya avuga ati: "Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe. 2 Batanu muri bo bari abanyabwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge. 3 Abo batanu b’abanyabwengebuke batwaye amatara yabo, ariko ntibajana amavuta. 4 Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa. 5 Umukwe agitevye, bose bararambirwa, batangura gusinzira.

6 Ijoro ryitereye, humvikana ijwi risemerera ngo: Ng’uwo umukwe araje nimumusanganire.

7 Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo. 8 Ba banyabwengebuke babwira abanyabwenge bati: Nimuduhe ku mavuta yanyu kuko amatara yacu agira azime.

9 Na bo barabishura bati: Ntibishoboka kuko twohava tudakwirwa twese, ahubwo nimugende ku bayagurisha mwigurire.

10 Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.

11 Mu nyuma, za nkumi z’abanyabwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!

12 Na we arabishura ati: Ndababwire ukuri, sindabazi!

13 Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-