Umugani w’ababikijwe ubutunzi
14 Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’umuntu yafashe urugendo rwa kure. Imbere yo kugenda, ahamagara abakozi biwe abasigarana ubutunzi yari afise. 15 Uwa mbere amuha italanto zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu amuha imwe, 25:15 Italanto imwe yangana n’impembo y’umukozi mu kiringo c’imyaka 20. umwe wese amuha akurikije uko ashoboye gucuruza. Hanyuma afata urugendo. 16 Wa mukozi yaronka italanto zitanu, aragenda arazicururisha yunguka izindi zitanu. 17 N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri. 18 Ariko umwe yahabwa italanto imwe, aragenda yimba ikinogo mw’ivu, anyegezamwo ya talanto ya shebuja.
19 Haheze igihe kirekire, shebuja aragaruka, ahamagara ba bakozi kugira ngo bamubwire ingene bakoresheje amahera yiwe. 20 Umwe yahabwa italanto zitanu azana izindi zitanu, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zitanu, none raba nungutse izindi zitanu.’
21 Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
22 Uwari yasigaranywe italanto zibiri na we araza, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zibiri; none raba, nungutse izindi zibiri.’
23 Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
24 Hanyuma umwe yasigaranwa italanto imwe na we araza, avuga ati: ‘Databuja, nari nzi ko uri umuntu agoye, wimbura aho utateye kandi wegeranya umwimbu aho utabivye imbuto. 25 Rero, naratinye nca ndagenda mpamba italanto yawe mw’ivu, none akira ivyawe.’
26 Shebuja aramwishura ati: ‘Wa mukozi mubi kandi w’ikinebwe! Ko wari uzi ko nimbura aho ntateye kandi negeranya umwimbu aho ntabivye imbuto, 27 ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha, kugira ngo ngarutse ndonke umutahe wanje n’inyugu yawo?’
28 Ubwo nyene aca atanga itegeko ati: ‘Nimumwake n’iyo talanto yari afise, muyihe uwufise icumi. 29 Kuko uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise. 30 Uwo mukozi w’imburakimazi na we nimumute hanze mu mwijima ahazoba amarira no gushinga amenyo ku yandi kubera umubabaro.’