Umugani w’impene n’intama
31 Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji. 32 Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, hanyuma arobanure abantu, nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene. 33 Azoshira intama i buryo bwiwe, impene na zo azishire i bubamfu.
34 Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa. 35 Kuko nari nshonje murangaburira, nari nyotewe mumpa ico kunywa, nari ingenzi mumpa indaro, 36 nagenda gusa muranyambika, nari ngwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.’
37 Maze abagororotsi bazomwishura bati: ‘Mwami, twakubonye ryari ushonje turakugaburira, canke unyotewe tuguha ico kunywa? 38 Ni ryari twakubonye uri ingenzi tuguha indaro, canke ugenda gusa turakwambika? 39 Twakubonye ryari ugwaye canke uri mw’ibohero tuza kukuraba?’
40 Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’
41 Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe. 42 Kuko nari nshonje ariko ntimwampa ivyokurya, nari nyotewe ntimwampa ico kunywa, 43 nari ingenzi ntimwampa indaro, nagenda gusa ntimwanyambika, naragwaye nja no mw’ibohero ntimwaza kundaba.’
44 Na bo bazomwishura bati: ‘Mwami, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri ingenzi, canke ugenda gusa, canke ugwaye, canke uri mw’ibohero ntitwagufasha?’
45 Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mutabikoreye umwe muri aba bato, ni jewe mutabikoreye.’
46 Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira."