36 Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: "Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?"
[ 37 Filipo aramwishura ati: "Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa."
Na we arishura ati: "Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana."]8:37 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo. 38 Nuko aca ategeka ko bahagarika umukogote, barururuka baja mu mazi, Filipo aca aramubatiza. 39 Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Imana aca ajana Filipo, ya nkone ntiyasubira kumubona, ariko aca abandanya urugendo anezerewe cane.