20 Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: "Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera. 21 Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo."
22 Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo: 23 "Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli"1:23 Yesaya 7:14 (bisobanurwa ngo "Imana iri kumwe natwe").
24 Yosefu amaze kwikangura, aca akora ivyo umumarayika w’Umwami Imana yamubwiye, atwara Mariya iwe nk’umugore wiwe. 25 Ariko ntibigeze baryamana nk’umugore n’umugabo kugeza amaze kuvyara uwo mwana w’umuhungu; hanyuma amwita Yesu.