Ibara rizoba ku bisagara vyanse kwihana
20 Maze Yesu aca atangura kuburira ibisagara yakoreyemwo ibitangaza vyinshi kuko abantu baho banse kwihana, avuga ati: 21 "Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abantu baho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.11:21 Kwisiga iminyota cari ikimenyetso co kugandara canke kwihana. 22 Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe. 23 Nawe Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa ugashika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba hakiriho kugeza n’uwu musi. 24 Ni co gituma ndakubwiye ko ku musi w’imanza i Sodomu hazogira agahengekerezo kurusha wewe."