Publicidade

Mateus 13

Umugani w’urwamfu mu buro

24 Yesu abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yabivye imbuto nziza y’uburo mu murima wiwe. 25 Mw’ijoro, abantu bose bamaze gusinzira, umwansi wiwe araza abiba urwamfu muri bwa buro hanyuma arigira. 26 Uburo bumaze gukura, no kuyangika, urwamfu na rwo rutangura kwibonekeza.

27 Abakozi ba nyene umurima baca baramubaza bati: Nyakwubahwa, mbega ntiwari wabivye imbuto nziza; none uru rwamfu rwavuye hehe?

28 Arabishura ati: Umwansi ni we yakoze ivyo.

Baramubaza bati: None urashaka ko tuja kururandura?

29 Arabishura ati: Oya, kuko mu kurandura urwamfu mwohava murandurana n’uburo. 30 Reka vyose bikurane kugeza umusi wo kwimbura. Ico gihe nzobwira abimbuzi babanze begeranye urwamfu barutekere mu mikama hanyuma baruturire, maze uburo babwimburire mu kigega canje.’ "

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-