3 Maze abigisha vyinshi mu migani, avuga ati: "Umubivyi yagiye kubiba imbuto ziwe. 4 Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura. 5 Izindi na zo zigwa ku rutare, ahantu hatagira ivu ryinshi; zica zimera ningoga, kuko ivu ryari rike. 6 Ariko izuba ryatse, za mbuto zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure. 7 Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha. 8 Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu. 9 Uwufise amatwi niyumve!"