Pular para o conteúdo
Publicidade

Matayo 16

Petero avuga ko Yesu ari Kristo

13 Yesu ashitse i Kayisariya mu ntara yatwarwa na Filipo, abaza abigishwa biwe ati: "Mbega abantu bavuga ko jewe Umwana w’Umuntu ndi nde?"

14 Baramwishura bati: "Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri Yeremiya canke umwe mu bandi bavugishwa."

15 Aca arababaza ati: "None mweho, muvuga ko ndi nde?"

16 Simoni Petero aramwishura ati: "Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima."

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também