Kuba mukuru mu Bwami bw’ijuru
1 Muri ico gihe, abigishwa begera Yesu baramubaza bati: "Mbega ni nde mukuru mu Bwami bw’ijuru?"
2 Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo. 3 Hanyuma ababwira ati: "Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. 4 Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru.