3 Hanyuma ababwira ati: "Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. 4 Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru. 5 Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.
Publicidade