3 Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi wa Elayono, biherereye, abigishwa biwe baramubaza bati: "Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ukugaruka kwawe n’umuhero w’isi?"
4 Yesu arababwira ati: "Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abazimiza 5 kuko benshi bazoza mw’izina ryanje bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi bazozimiza benshi. 6 Muzokwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ariko ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.