Pular para o conteúdo
Publicidade

Matayo 24

Nta wuzi umusi n’isaha

36 Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene. 37 Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe co kugaruka kw’Umwana w’Umuntu. 38 Kuko imbere y’uko umwuzure uza, bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika ku musi Nowa yinjiriye mu bwato. 39 Ntibigeze bamenya ibigira bibe kugeza umwuzure uje ukabatwara bose. Uko ni ko bizomera igihe Umwana w’Umuntu azozira.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também