Pular para o conteúdo
Publicidade

Mateus 4

Yesu ageragezwa na Satani

1 Hanyuma Yesu aca ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa kugira ngo ageragezwe na Satani. 2 Amaze imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine ata co arya kandi ata co anywa, yumva arashonje. 3 Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: "Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate."

4 Yesu aramwishura ati: "Handitswe ngo: Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.4:4 Gusubiramwo 8:3"

5 Hanyuma wa mubi amujana i Yerusalemu, igisagara cera, amuhagarika ku rusengero ahantu hataramutse, 6 amubwira ati: "Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo:

Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame.

Bazokurerura mu maboko yabo

kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.4:6 Zaburi 91:11,12"

7 Yesu na we aramwishura ati: "Handitswe ngo: Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.4:7 Gusubiramwo 6:16"

8 Hanyuma Satani yongera kumujana ku musozi muremure cane amwereka ubwami bwose bwo mw’isi n’ubwiza bwabwo. 9 Aramubwira ati: "Ivyo vyose ndabiguha niwapfukama ukansenga."

10 Yesu aramwishura ati: "Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera.4:10 Gusubiramwo 6:13"

11 Kuva ako kanya Satani aca aramureka, maze abamarayika baraza baramukorera.

Veja também