2 Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose. 3 Ariko niwagira ico uha umukene, ukuboko kwawe kw’i bubamfu, ntigukwiye kumenya ico ukuboko kw’i buryo gukoze. 4 Gutyo, gutanga kwawe kugume ari ibanga, kandi So wo mw’ijuru abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera.
Publicidade