Pular para o conteúdo
Publicidade

Matayo 7

Ntugacire imanza abandi

1 Ntimugacire abandi imanza kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. 2 Kuko uko mucira abandi imanza ni ko namwe muzozicirwa, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.

3 Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe? 4 Ni kuki ubwira mugenzawe uti: Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? 5 Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também