Yesu akiza abantu babiri barimwo abadayimoni
28 Yesu ashitse hakurya y’ikiyaga, mu ntara ya Gadarene, abantu babiri baboshwe n’abadayimoni baza guhura na we, bavuye mw’itongo ry’abapfuye. Bari bateye ubwoba ku buryo ata muntu n’umwe yashobora guca muri iyo nzira. 29 Abo badayimoni bamubonye, baca barasemerera bati: "Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kudukubagura kandi igihe cacu kitaragera?"
30 Hafi y’aho hari umukuku munini w’ingurube zari ziragiwe ku musozi. 31 Abo badayimoni binginga Yesu bati: "Ugomvye kutwirukana, twemerere tuje muri ziriya ngurube."
32 Yesu arababwira ati: "Nimugende!" Baca bava muri abo bantu, bitera muri za ngurube. Ubwo nyene wa mukuku wose w’ingurube uca wiruka umanuka, zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi. 33 Abari baragiye izo ngurube na bo baca bariruka barahunga; baja mu gisagara kuvuga ibibaye, n’ivyashikiye ba bantu babiri bahora baboshwe n’abadayimoni. 34 Hanyuma abantu bose bo muri ico gisagara, baja gutegera Yesu, bamubonye baramwinginga ngo abavire mu ntara.