10 ahasanga umuntu akongataye ukuboko. Mu kurondera ico bafatirako kugira ngo bamwagirize, baramubaza bati: "Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?"
11 Na we arabishura ati: "Muri mwebwe uwoba afise intama imwe hanyuma ikagwa mu kinogo ku musi w’Isabato, ntiyoyikurayo? 12 Namwe murazi neza ko umuntu afise agaciro karengeye ak’intama! Ni co gituma vyemewe gukora iciza ku musi w’Isabato."
13 Hanyuma aca abwira uwo muntu ati: "Gorora ukuboko kwawe." Akugoroye guca kurakira neza kumera nk’ukundi.