Basaba Yesu ikimenyetso
38 Hanyuma bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baramubwira bati: "Mwigisha, dushaka ko uduha ikimenyetso cerekana ububasha bwawe."
39 Arabishura ati: "Abantu ba kino gihe bameze nabi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa atari ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona. 40 Kuko nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’Umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.