Pular para o conteúdo
Publicidade

Matayo 15

3 Yesu arabishura ati: "None mwebwe ni kuki mutubahiriza ibwirizwa ry’Imana mwitwaje imigenzo yanyu? 4 Kuko Imana yavuze iti: Wubahe so na nyoko,15:4 Kuvayo 20:12; Gusubiramwo 5:16 yongerako iti: Umuntu wese azovuma se canke nyina aze yicwe.15:4 Kuvayo 21:17; Abalewi 20:9 5 Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu avuze kw’ivyo yari gufashisha se canke nyina ari inyegu y’Imana 6 ataba agikwiye kubibafashisha. Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa kubera imigenzo yanyu. 7 Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati:

8 Aba bantu banyubahisha iminwa yabo,

ariko imitima yabo iri kure yanje.

9 Ukunsenga kwabo ntikugira ikimazi;

inyigisho zabo ni amabwirizwa abantu bishingiye. 15:9 Yesaya 29:13 "

Veja também