Ugukayangana kwa Yesu
1 Haheze imisi itandatu, Yesu ajana Petero, Yakobo na mwene nyina Yohana, abadugana ku musozi muremure, ari bonyene. 2 Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zirahinduka, zirera derere kurya kw’umuco. 3 Ubwo nyene, baja babona Mose na Eliya bariko bavugana na Yesu.
4 Petero abwira Yesu ati: "Mwami, bitubereye vyiza kuba hano hantu. Ubikunze, reka ndahashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya."
5 Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Maze ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: "Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!"