23 Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: "Ndababwire ukuri, biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’ijuru. 24 Kandi ndabisubiyemwo: vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rwo kubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana!"
25 Abigishwa bavyumvise baratangara cane, hanyuma baramubaza bati: "None nimba biri uko, ni nde ashobora gukizwa?"
26 Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka."