Abanyabwenge mu vy’inyenyeri
1 Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu ntara yitwa Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, abanyabwenge mu vy’inyenyeri bavuye mu buseruko baja i Yerusalemu. 2 Barabaza bati: "Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Twabonye inyenyeri yiwe mu buseruko none tuzanywe no kumusenga."
3 Umwami Herode yumvise iyo nkuru abura amahoro, eka n’ab’i Yerusalemu bose. 4 Aca akoranya abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe, ababaza ati: "Vyanditswe ko Kristo azovukira hehe?" 5 Baramwishura bati: "Ni i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, kuko ari ko vyanditswe n’uwavugishwa n’Imana ngo:
6 ‘Kandi wewe, Betelehemu mu ntara ya Yudaya,
nturi mutoya mu bisagara vya Yudaya,
kuko muri wewe hazokomoka umurongozi
azoragira ubwoko bwanje bwa Isirayeli.’2:6 Mika 5:2"
7 Hanyuma Herode ahamagaza mu mpisho ba banyabwenge agerageza kubabaza neza igihe iyo nyenyeri yabonekeye. 8 Nuko abarungika i Betelehemu, ababwira ati: "Genda mubaze neza ivyerekeye uwo mwana. Mumaze kumubona, muce mugaruka mumbwire kugira ngo nanje nje kumushengerera."
9 Bamaze kwumva ivyo umwami ababariye, baca babandanya urugendo. Ya nyenyeri babona mu buseruko ica ibaja imbere kugeza ihagaze hejuru y’aho uwo mwana yari ari. 10 Babonye ya nyenyeri ihagaze bagira umunezero mwinshi. 11 Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza. 12 Hanyuma, Imana imaze kubamenyesha mu nzozi ngo ntibasubire kwa Herode, baca bisubirira iwabo bajanye iyindi nzira.