Pular para o conteúdo
Publicidade

Mateus 21

Yesu ashika i Yerusalemu nk’Umwami

1 Yesu n’abigishwa biwe begereje i Yerusalemu, bashika ahitwa Betifage ku Musozi wa Elayono. Yesu aca atuma babiri mu bigishwa ngo babitangire imbere, 2 arababwira ati: "Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwashikayo, murahasanga indogoba n’inyana yayo ziziritse. Muce muzizitura muzinzanire. 3 Nihagira uwugira ico ababaza, mumwishure muti: Umwami arazikeneye, aca abareka muzizane."

4 Ivyo vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana rishike; ryavuga ngo:

5 "Mubwire umukobwa w’i Siyoni muti:

Raba Umwami wawe arakugendeye,

aciye bugufi, agendera ku ndogoba,

mbere aje ku nyana yayo."21:5 Zakariya 9:9

6 Abo bigishwa baragenda, babikora nk’uko Yesu yabibabariye. 7 Bazana ya ndogoba n’inyana yayo, bazisasako impuzu zabo, hanyuma Yesu yicara kuri ya nyana. 8 Abantu benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi na bo baca amashami y’ibiti, bayasasa mu nzira. 9 Maze abantu bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati:

"Hozana21:9 Ni ijambo ry’Igiheburayo risigura ngo "Dukize!" Ariko ryahavuye rikoreshwa mu gushimagiza Imana. Mwana wa Dawidi!"21:9 Zaburi 118:26

"Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!"

"Hozana hejuru mw’ijuru!"

10 Yesu yinjiye i Yerusalemu, mu gisagara cose haba uruhagarara. Abantu baja barabazanya bati: "Uwo ni nde?"

11 Abandi bakishura bati: "Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya."

Veja também